Uko wahagera

Abahitanywe n'Imyuzure muri Nijeriya Barenze 600


Muri Nijeriya, abanyagihugu barenga 600 barahitanywe n’iyuzure y’imvura kuva mu kwezi kwa gatandatu. Iyo myuzure yangaje abarenga umuriyoni umwe n’ibihumbi 300.

Reta ya Nijeriya yatangaje ibi biharuro bishasha ivuga ko mu mateka y’imyaka cumi iheze, ari ubwa mbere imvura ihitanye abantu benshi.

Mu ndwi iheze Nijeriya yari yavuze ko abahitanywe n’imvura yo kuva mu kwa gatandatu bari 500. Umushikiranganji wo gufatana mu nda muri ico gihugu, Sadiya Umar Farouq, yasiguye ko ibiharuro bibandanya kuduga kubera hari amareta kugera ino saha atari bwitegure guhangana n’imyuzure.

Ibindi vyononywe n’iyo mvura y’imyuzure, birimwo amazu arenga ibihumbi 82 yabomotse, n’amahegitari y’imirima ibihumbi 110 yononekaye.

Ubundi imvura muri Nijeriya igwa urutavanako mu kwezi kwa gatandatu. Kuri ino ncuro yamara iyagisibije yatanguye kurwa mu kwa munani.

Ikigo ca Reta kiraba ivy’ibirere n’ibiza muri Nijeriya cagabishije ko mu mayinga ari imbere hashobora kurwa iyindi mvura nyinshi, ishobora kuzokonona vyinshi gusumba.

Si ubwa mbere Nijeriya ihuye n’ikibazo c’imyuzure: Iyo mu 2012, yahitanye abantu 360 ivana mu vyaboabarenga imiriyoni 2 n’ibihumbi ijana.

Igisata ca ONU kijejwe ibiribwa kw’isi, PAM, kivuga ko Nijeriya iri mu bihugu bitandatu bishobora kubangamirwa muri kubu ka hagufi n’ikibazo c’inzara nyinshi bivuye kw’ihindagurika ry’ibihe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG