Uko wahagera

UK Ivuga ko Uburusiya Bushobora Kubura Ibirwanisho


Prezida w'Uburusiya

Uburusiya na Ukraine vyegekanako Misile zaraye zisubiye guterwa mu karere ka Donetsk, kegukira Ukraine ariko kakaba karigaruriwe n’Uburusiya.

Abegereye ubutegetsi mu Burusiya bemeza ko Ukraine ari yo yamijaguye ibisasu vya misile ejo kuwa Mungu, bavuga ko vyononye inyubakwa y’umukuru w’akarere ka Donetsk, bigaturira amamodoka yari mu micungararo y’aho vyatewe.

Ukraine nayo yiyamye Uburusiya, isigura ko ari bwo bwateye ivyo bisasu vya misile, vyononye kimwe mu bisagara vyegereye ihinguriro rya nikleyeri riri ahitwa, Zaporizhzhia. Iryo hinguriro naho rigenzurwa n’Uburusiya, abahinga barikorera baracari aba Ukraine.

Ukraine yemeza ko ivyo bisasu yegeka ku Burusiya vyakomerekeje abantu 6, vyonona amasoko ntanganguvu 5, imiringoti icamwo gaze itatangajwe igitigiri, amaduka y’abanyagihugu atari make, n’inzu zo kubamwo nyinshi.

Hagati aho, Ukraine ahandi yavuze ko Uburusiya bwateye ibisasu ni mu burere bubiri buri mu buseruko: Kharkiv na Luhansk. Ukraine ivuga ko Uburusiya aho bwagavye ibitero muri ubwo burere hegeranirijwe abasivile.

Mu gihe intambara Uburusiya bwatanguje muri Ukraine iriko yababa amezi umunani, Ubwongereza bwatangaje ko amahirwe y’uko Uburusiya bubandanya kuronka ibirwanisho ari make cane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG