Uko wahagera

USA Ihangayikishijwe n'Umuriro Wadutse Ahafungiwe Abatavugwa Rumwe na Reta muri Irani


Ibohero ryahiye
Ibohero ryahiye

Irani itangaza ko abanyororo bahitanywe n’umuriro wadutse ku wa gatandatu mw’ibohero rinini riri muri karitiye yitwa “ Evin”, iri mu buraruko bw’umurwa mukuru, Tehran, bageze kuri bane.

Ibohero ryahiye ni ryo rifungiwemwo abanyepolitike benshi batavuga rumwe n’ubutegesti bwa Irani, n’abaharanira agateka ka zina muntu bakomeye muri ico gihugu.

Abamaze kumenyekana ko bakomerekejwe n’uyo muriro ni 61. Televiziyo y’igihugu yerekanye videwo isigura ko ituze ryagarutse. Ku bw’iyo tereviziyo, bane bapfuye bahitanywe n’ukubura impwemu, mu gihe abandi bane muri 61 bakomeretse ari indembe.

Umuriro wadutse mw’ibohero rifungiwemwo abanyepolitike benshi muri Irani wadutse mu gihe imyiyerekano yiyamiriza urupfu rw’umwigeme, Mahsa Amini, w’imyaka 22 yinjiye mu ndwi yayo ya gatanu.

Abategetsi muri Irani batangaza ko amatohoza y’icateye urupfu rwa Nyakwigendera yerekanye ko yitavye Imana azize uburwayi bwatewe n’igice co mu mutwe abaganga bigeze kumubagamwo ikivyimba afise imyaka umunani.”

Umuryango, incuti ziwe n’abaharanira agateka ka zina muntu bo yamara bemeza ko yahitanywe “n’ukuvirirana mu mutwe, kuvanze n’ukononekara kw’ibihimba vyiwe vy’irondoka n’ibindi bihimba vy’umubiri, vyatewe na polisi yamuhohoteye imuziza kutitwikira nkuko idini ryiwe rya isilamu ribitegeka.”

Abategetsi muri Irani bavuga ko ivyabaye mu gasho kahiye ata sano bifitaniye n’imyiyerekano y’abiyamiriza urupfu rwa, Mahsa Amini. Ico bikoze, umuriro umaze kwaduka biyerekanye bagana kuri iryo bohero naho polisi yabazibiye.

Tereviziyo y’igihugu muri Irani ivuga ko ata munyororo n’umwe yatorotse ava mw’ibohero ryahiye. Nta myidondoro kandi yabahitanywe n’uwo muriro iratangazwa.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu nabwo bwatangaje ko buriko bukirikiranira hagufi ibibera muri iryo bohero bugira buti: “ Biraturaje ishinga. Turiko turavugana n’Ubusuwisi bukingira inyungu zacu muri Irani. Ico gihugu ariko kimenye ko imfungwa z’Abanyamerika zifungiwe ubusa muri iryo bohero ziri ku gatwe kaco. Abanyagihugu bacu bari babwirijwe kurekurwa bidatevye.”

Abaharanira agateka ka zina muntu bemeza ko abafungiwe mw’ibohero ryahiye baborezwa igufa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG