Uko wahagera

Turukiya n'Ubugiriki Bitanako Agashavu ku Kibazo c'Abimukira


Ubugiriki na Turukiya biriko biratanako amashavu ku kibazo c’abimukira: Fahrettin Altun, atwara ibiro vyo kumenyesha amakuru mu biro vya prezida wa Turukiya, yegetse amafuti ku Bugiriki agira ati: “ Umushikiranganji ajejwe ivyo kwinjira no gusohoka muri ico gihugu yakwiragije amakuru y’ibihuha ataho afatiye!”

Turukiya ivuze aya majambo inyuma yaho, Ubugiriki bwagirije ico gihugu “ Kwirukana abimukira 92, batambauye agahuzu, bambaye ubusa nk’uko Imana yabaremye, Turukiya ikabahindira ku butaka bw’Ubugiriki.”

Umushikiranganji w’abinjira n’abasohoka mu Bugiriki, Notis Mitarachi, ku rubuga rwiwe rwa Twitter, yacishije ifoto y’abantu bambaye ubusa, bafutse ibitsina vyabo, agirako yemeza ko Turuikiya yabirukanye ikabahindira ku butaka bw’Ubugiriki.

Mu butumwa yanditse mu ndimi zitatu ( Icongereza, Ikigiriki, n’Igiturukiya), Altun atwara ibiro vyo kumenyesha amakuru mu biro vya prezida wa Turukiya yagize ati: “ Ino nkina mico y’Ubugiriki nta kindi igamije atari ukuremeka intebe ishushe ku gihugu cacu”.

Muri ubwo butumwa, yagiriyeko ahanura Ubugiriki kuvavanura n’ico yise “ Kubangamira no gufata nabi abimukira”, agira ati: “ Ubugiriki burasubiye ku yindi ncuro kwereka amakungu ko butubaha impunzi nka kiremwa muntu, mu gushira ahabona amasanamu y’aba bantu bari mu kangaratete, bwirukanye ataco bambaye.”

Icegera c’umushikiranganji w’intwaro yo hagati muri Turukiya nawe kuri Twitter yabwiye Ubugiriki ko “Umwaya buta mu kubesha amakungu vyoba bwiza buwukoresheje mu kubahiriza agateka ka zina muntu.”

Turukiya n’Ubugiriki bimaze igihe bidacana uwaka mu gupfa ibitandukanye birimwo ikibazo c’abimukira: Turukiya yagiriza akatari gake Ubugiriki kurungika ku butaka bwayo abimukira ishaka kwikura, baba ahanini bashitse mu Bugiriki baciye mu nyanja no mu mabarabara.

Ubugiriki nabwo bwagiriza Turukiya kuba igitarurwa c’abimukira bipfuza gushika vyoroshe mu bihugu biteye imbere vyo ku mugabane wa Buraya.

Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, naryo ryavuze ko rihangayikishijwe n’amasanamu ryabonye, rigirako risaba amatohoza yimbitse, mu kuvuga ko ayo masanamu atesha agaciro abayariko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG