Somaliya iriko iraronka ibihugu biyishigikira mu gusaga ko ikurwako ibihano vyo kutagura ibirwanisho yafatiwe na ONU. Etiyopiya ikurikiye Uganda mu kuvugira Somaliya muri ONU.
Akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano gategekanya gutora mu kwezi kw’icumi na kumwe ku kugumizaho ivyo bihano.
Prezida wa Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud n’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed bavuze ko ivyo bihano bimaze imyaka itatu vyarafashwe n’akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano bikwiye gukurwa kuri Somaliya kugira ishobore kurwanya umuhari w’iterabwoba al-Shabab.
Somaliya yasavye ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu kwezi kwa gatandatu kuyifasha mw’isekeza ryo gusaba ONU kuyikurako ibihano biyibuza kugura ibirwanisho bito bito n’amasasu hamwe n’ibiduga vya gisirikare.
Akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kafashe ibihano ku birwanisho kuri Somaliya mu 1992 kubw’intambara hagati y’abenegihugu n’ubwicanyi bukabije. Mu 2013, ONU yaratezuriye Somaliya ivy’imfatakibanza kugira abasirikare bashobore kurwanya aba al-Shabab. Ariko haracari ibirwanisho itemerewe kugura idahawe uburenganzira na ONU.
Facebook Forum