Uko wahagera

Uburundi Buvuga ko Uburyo Bwo Kwirinda Gusama Bwagenewe Abubatse Gusa


Mu Burundi, umushikiranganji w'amagara y'abantu avuga ko abakiri bato batarubaka ingo zabo batemerewe gukoresha ubuhinga bwo kwirinda gusama.

Muganga Sylvie Nzeyimana amenyesha ko ubwo buryo bwagenewe abubatse bonyene.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu yabitangarije mw’ikoraniro ririko ribera ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura.

Ni ikoraniro ry’imboneza z’abakenyezi ryitabiriwe n’Abarundikazi, abagore bava mu karere ka Afrika y’ubuseruko EAC, abo ku mugabane wa Afrika hamwe n’abakenyezi b’imboneza batwara bimwe mu bisata mpuzamakungu.

Muganga Sylvie Nzeyimana atwara ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi yabivuze mu mwanya wo kwishura ku bibazo inyuma y’ibiganiro n’inyigisho zariko ziratangwa kuri uyu wa kabiri.

Ku bw’umushikiranganji w’amagara y’abantu, uburyo bwo kwirinda gusama imbanyi bukwiye gukoresha abantu bubatse gusa.

Jeanne Zaninyana, umunyamabanga nshingwabikorwa mw’ishirahamwe ry’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano MFFPS asanga bidakwiriye gukumira abakobwa batarashinga izabo mw’ironswa n’ikoreshwa ry’uburyo butandukanye bwo kwirinda inda zitifujwe.

Umushikiranganji Nzeyimana ahamagarira imboneza z’abakenyezi guhimiriza abandi bakenyezi batagize amahirwe yo kuja kw’ishure kugira bijukire uburyo bwo gutandukanya imvyaro no kwirinda inda zitifujwe. Amenyesha ko ubwo buryo buterera cane mw’iterambere ry’igihugu.

Ibitigiri vy’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi vyerekana ko abakenyezi batarenga ibice 38 kw’ijana aribo bonyene bakoresha ubuhinga bwo kwirinda imbanyi zitifujwe.

Raissa Liliane Inamahoro, umwe mu bamenyeshamakuru b’abahinga bakorera ku bibazo vy’amagara y’abantu mu Burundi yabwiye Ijwi ry’Amerika ko urwaruka rufise imyaka iri hagati ya 15 na 24 arirwo rugeramiwe cane kurusha iyindi mice y’abanyagihugu n’imibonano mpuzabitsina idakingiye hamwe n’inda zitifujwe, hatibagiwe indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG