Uko wahagera

Muri Chad Hitezwe Leta Nshasha


Albert Pahimi Padacke wari umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Chad
Albert Pahimi Padacke wari umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Chad

Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Chad, Albert Pahimi Padacke, yatanze imihoho kugira birekurire reta nshasha gushirwaho. Ni inyuma y'uko ico gihugu cigijeyo amatora mu kiringo c'imyaka ibiri.

Padacke, yari umunyapolitike w’umusivile, yagenywe kuba umushikiranganji wa mbere muri reta mfatakibanza y’igisirikare mu mwaka uheze. Hari inyuma y’uko Prezida Mahamat Idriss Deby afashe ubutegetsi inyuma y’uko se wiwe, Idriss Deby Itno yishwe ari ku rugamba rw’ukurwanya abarwanya ubutegetsi.

Vyari bitegekanijwe mu ntango ko urwego rw’igisirikare ruyobowe na Mahamat Deby Itno ruyobora igihugu mu kiringo c’amezi 18.

Yamara muri uku kwezi Chad yatangaje ko izokwigizayo amatora agendera kuri demokrasi gushika mu kwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2024.

Mahamat Deby Itno yarahiye ku musi wa mbere mu mabanga ya prezida mu kiringo mfatakibanza gishasha. Bikaba vyitezwe ko agena umushikiranganji wa mbere mushasha.

Albert Pahimi Padacke, yarabaye kandi umushikiranganaji wa mbere kuva mu mwaka w’i 2016 n’umwaka w’i 2018.

Padacke yabonwa nk’umutegetsi acuditse n’uwahoze ari prezida wa Chad, Idriss Deby Itno, yayoboye ico gihugu mu kiringo c’imyaka 30 gushika yitavye Imana mu kwezi kwa kane mu mwaka w’i 2021.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG