Abaprezida ba Tanzaniya na Kenya bumvikanye umugambi wo kwubakira hamwe umuringoti uzotwara umwuka wa gaze, mu ntumbero yo kwongereza uguhanahana ibidandazwa no kugabanya ibiciro vy’amasoko ntanganguvu kuri ivyo bihugu bibiri.
Iyo ngingo yumvikanyweko kuri uyu wa mbere mu biro vya prezida, i Dar es Salaam, mu mubonano wahuje ba Prezida Samia Hassan wa Tanzaniya na William Ruto wa Kenya. Hari mu rugendo rw’imisi ibiri arimwo muri Tanzaniya.
Mu mwaka uheze, Prezida Hassan n’uwahoze ari prezida wa Kenya, Uhuru Kenyata barasinye amasezerano i Nairobi yari atumbereye gutanguza uwo mugambi, ariko gushika ubu ivyo bikorwa ntivyari bwatangure.
Uwo muringoti uzokwubakwa ku burebure bw’ibirometero 600 hagati ya Dar es Salaam, ku murwa mukuru wa Tanzaniya na Mombasa muri Kenya. Ariko nta kiringo c’aho ivyo bikorwa bizorangirira catangajwe.
@VOA
Facebook Forum