Uko wahagera

Chad Igiye Gushiraho Reta y'Ubumwe


Mahamat Idriss Deby

Mahamat Idriss Deby, umutegetsi mukuru w'umusirikare ayoboye Chad yatangaje uno musi ku wa mbere ko reta y'ubumwe izoshirwaho mu misi iri imbere mu ntumbero yo kwitegurira amatora muri ico gihugu.

Bibaye inyuma y’ibiganiro ku vyerekeye kazoza k’igihugu. Mahamat Idriss Deby Itno yavuze ko reta izokora itiziganya gushika ibonye ko ivyipfuzo vy’abanyagihugu vyubahirijwe. Yabitangaje igihe c’ibirori vyo kumugena kuba prezida w’ikiringo c’imfatakibanza, inyuma y’ibiganiro vyabaye ku rwego rw’igihugu vyarangiye ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije.

Mahamat Idriss Deby Itno, afise 38 muri iki gihe, umu General mu gisirikare, yafashe ubutegetsi mu kwezi kwa kane mu mwaka w’i 2021 inyuma y’uko se wiwe, Idriss Deby Itno, yatwaye Chad mu kiringo c’imyaka 30 yishwe ari ku rugamba, kurwanya abarwanya ubutegetsi bwiwe.

Inama nshingamateka yaciye ifutwa n’ibwirizwa shingiro rirahagarikwa inyuma y’uko Deby atangajwe ko ari prezida. Mahamat Idriss Deby Itno yaratunganije ibiganiro bihuza impande zose ku rwego rw’igihugu mu ntumbero yo gusubiza igihugu mu ntwaro ya gisivile.

Ivyo biganiro vyarangiye ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije, hafashwe ingingo yo kwongera Prezida Deby Itno ikiringo c’imfatakibanza c’imyaka ibiri kizomushikana ku matora. Iyo ngingo ivuga kandi ko Deby Itno arekuriwe kwitoza mu mabanga y’umukuru w’igihugu mu matora azokwirikira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG