Uko wahagera

Prezida Biden Yatangaje ko Ababariye Abanyamerika Bafungiwe Marijuana


Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden i New York, kw'itariki ya 06/10/2022
Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden i New York, kw'itariki ya 06/10/2022

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, kuri uyu wa kane yagiriye ikigongwe abanyamerika bose bafatanywe ibiyayuramutwe vyo mu bwoko bwa marijuana, bisanzwe bihanwa n’amategeko. Ashikije ivyo yemereye abanywanyi biwe mu myiyamamazo, mu gihe hasigaye ukwezi ngo Amerika yinjire mu matora y’abashingamateka aba hagati ya manda.

Yasavye ba buramatari batwara amareta kwerekana umutima kivyeyi kuri abo bantu bagize igitigiri kinini mu banyororo muri Amerika.

Nkuko yabivuze mu myiyamamazo y’amatora, Prezida Biden yavuze ko ata n’umwe akwiye gufungwa kuko yakoresheje canke afatanwe marijuana. Yavuze ko gufunga abo bantu kwatandukanije imiryango.

Kubwa Prezida Biden, abatari abazungu barakunze gufatwa bagafungwa ku caha gishingiye kuri marijuana, bigatuma babohowe bitaborohera kuronka ubuzi no gusubira mw’ishure.

Iyindi ngingo yafashe kwabaye gusaba abategetsi bakora mu bisata vy’amagara y’abantu n’ubutungane gusubiramwo kwihweza neza ukuntu marijuana yofatwa mu bijanye n’amategeko.

Ubu ico kinyobwa marijuana cashizwe mu murwi w’ibindi biyayuramutswe bibi cane nka heroin na LSD.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG