Uko wahagera

Uburusiya Bwafashe mu Minwe Ibikorwa vy'Ihunguriro rya Nikereyeri ry'i Zaporizhzhia


Ihinguriro ry'umwuka wa Nikereyeri ry'i Zaporizhzhia
Ihinguriro ry'umwuka wa Nikereyeri ry'i Zaporizhzhia

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin kuri uno wa gatatu yategetse reta yiwe gufata mu minwe ibikorwa vyo kw’ihinguriro ry’umwuka wa nikereyeri riri mu ntara ya Zaporizhzhia bwigaruriye, iri mu bumanuko bwa Ukraine.

Iryo hinguriro ubu riri mu minwe y’inteko z’Uburusiya kuva mu kwezi kwa gatatu kandi ryegereye urubuga rw’intambara.

Iri tegeko rya Prezida Putine rije mu gihe umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ricungera ivy’amasoko ntanganguvu ya nikereyeri, Rafael Grossi, yavuze ko agiye mu rugendo muri Ukraine mu biganiro kuri iryo hinguriro.

Iryo shirahamwe ryavuze ko Grossi azobandanya kuganira ku mutekano w’iryo hinguriro hamwe no gukingira akarere karikikuje.

Abasirikare b’Uburusiya barafunze umukuru w’iryo hinguriro rya Ukraine rya nikereyeri, Ihor Murashov, imisi ibiri imbere yo kumurekura ku musi wa mbere.

Imishamirano mu micungararo yaryo yarabaye mu mezi aheze, Ukraine n’Uburusiya bagirizanya ibitero kuri ryo, ivyatumye haba ubwoba bw’uko hashobora kuba akaga k’ubumara bwa nikereyeli mu gihe ryosamburwa.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG