Uko wahagera

Uburundi Bwatanguye Gutanga Ivya Ngombwa vy'Inzira Biciye ku Buhinga bwa None


Ifoto y'urubuga ivya ngombwa vy'inzira mu Burundi bisabirwako
Ifoto y'urubuga ivya ngombwa vy'inzira mu Burundi bisabirwako

Impapuro z’inzira canke impusha zo kuba mu Burundi kuva kuri uno wa mbere bisabwa hifashishijwe ubuhinga bwa none. Igiporosi kijejwe uruja n’uruza mu Burundi kimenyesha ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo kworohereza abarundi basigaye basaba izo mpapuro z’inzira ku bwinshi.

Mbonimpa Maurice, Komiseri mukuru mu biro vy'abinjira n'abasohoka mu Burundi, PAFE, yamenyesheje ko muri ino misi basigaye batanga impapuro z’inzira ziri hagati y’i 5,000 na 10,000, ivyerekana ko abashaka izo mpapuro biyongera cane.

Amenyesha ko kubera ubwo bwinshi vyabasavye kwiga ubundi buhinga, ari nako gutanguza umugambi wo gusabira ivyo vyangombwa ku buhinga bwa none. Iyo ngingo yakiriwe neza n’abanyagihugu bo mu Burundi naho hari abakiyifisemwo amakenga.

Kugira umuntu ahabwe urupapuro rw’inzira yasavye, ico gipolisi kiramuha isango kandi uwucerewe iminota irenga 30 ntaba acakiriwe. Komiseri Mbonimpa amenyesha kandi ko ibipapuro vyose umuntu yakoresheje mu gusaba urwo rupapuro rw’inzira akoresheje ubuhinga bwa none ategerezwa kuza avyitwaje.

Ku kibazo c'abarundi baba mu mahanga basaba impapuro z'inzira, Komiseri Mbonimpa yasiguye ko ata wuzoronswa izo mpapuro atarinze kwishikira mu Burundi kuzitora. Aha, umwe mu Barundi baba mu gihugu c’Ubufaransa yabwiye Ijwi ry'Amerika ko iyo ngingo ataco ije gufasha abarundi baba mu mahanga. Yasavye ko izo mpapuro boza barazironkerezwa mu ma ambassade y'Uburundi atandukanye.

Uwo arongoye igipolisi kijejwe uruja n’uruza mu Burundi yamenyesheje ko atakibazo kibaye abazoba basavye izo mpapuro z’inzira bazoba bazironse mu misi itatu, abari hagati mu gihugu nabo zikazobashikira bitarenze indwi imwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG