Uko wahagera

Uburundi Bwahagaritse Umurisho w'Ingoma mu Buganda


Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye avuze umurisho w'ingoma.
Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye avuze umurisho w'ingoma.

Ubuserukizi bw’Uburundi mu gihugu c’Ubuganda bwahagaritse ingoma z’Uburundi muri ico gihugu. Ubwo buserukizi buvuga ko zisigaye zivuzwa mu buryo buciye kubiri n’amategeko.

Ambasaderi w’Uburundi yategetse ko imigwi yose ifise Ingoma izitwara muri ubwo buserukizi bitarenze ku munsi wa kane w’iyi ndwi.

N’aho biri uko, imigwi y’impunzi z’Abarundi irarahira ikarengwa ko itazozisubiza kuko batakigengwa n’amategeko y’igihugu bahunze bavamwo.


Umufasoni Epiphanie Kabushemeye Ntamwana aserukira Uburundi mu Buganda avuga ko hakenewe indinganizo nshasha yo gukoresha Ingoma kugira amategeko azikingira yubahirizwe.

Yahamagariye imigwi yose ifise Ingoma kwitaba inama izobera mu Buserukizi ku munsi wa kane w’iyi ndwi. N’aho biri uko, bene iyo migwi ikorera I Kampala mu Buganda, bavyamirira kure.

Mw’ikambi y’impunzi ya Nakivale, imigwi ndangakaranga ikoresha umurisho w’ingoma iriyo, ivuga ko itarota yitaba iyo nama kubera kubw’ayo batakigengwa n’amategeko y’igihugu bahunze.

Ubuserukizi bw’impunzi I Kampala bwibaza ahubwo ko uwuserukira Uburundi yoba yihenze abo atumira kuko ku bwiwe, impunzi na ambasade ataho bahuriye.

Ahavuye agashavu kuri Reta y’Uburundi n’Ubuserukizi bw’ico gihugu mu Buganda, ni igiteramo ciswe « Nyege-nyege Festival » cabereye mu karere ka Jinja mu Buganda kuva italike 15 gushika 18 ukwezi guheze kw’9.

Muri ico giteramo, ubuserukizi bw’Uburundi mu Buganda buvuga ko umwe mu migwi ikorera mu Buganda, wemereye abakenyezi kuvuza Ingoma, bakoresheje n’ibihimba vy’ibanga vy’umukenyezi nk’amabere abandi bakazivuza bambaye umwambaro Uburundi budashima.

Ubushikiranganji bw’imico kama mu Burundi bwarasohoye itangazo bwiyamiriza iyo nyifato ku bw’Uburundi ihonyanga amategeko y’Ingoma.


Aha, n’abavuzi b’Ingoma b’impunzi mu Buganda, n’aho batemera Ubutumire bwa ambasaderi, barahuriza ku nyifato ibereye iha agateka Ingoma.


Ivyo bamwe muri bo babwiye Ijwi ry'Amerika, muraza kuvyumva mu nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru igitunganywa mu majwi

Ingingo Ihagarika Umurisho w'Ingoma mu Buganda Uyibazako iki?
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:24 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG