Uko wahagera

Igishusha na Kudeta muri Burkina Faso


Hamwe mu hazibiwe muri Burkina Faso
Hamwe mu hazibiwe muri Burkina Faso

Muri Burkina Faso hazindutse harumvikana urusaku rw’amasasu mu bibanza nkoramutima biri ku murwa mukuru i Ouagadougou. Itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters, Ijwi ry’Amerika rikesha ino nkuru ryavuze ko hari amasasu yumvikanye mu micungararo y’ikirimba gishasha c’umukuru w’igihugu, ayandi yumvikana ahari ikambi nkuru ya gisirikare no muri amwe mu ma karitiye y’i Ouagadougou.

Reuters ivuga ko abasirikare batari bake bashinze ibirindiro ku mabarabara makuru yinjira ku kirimba c’umukuru w’igihugu, bazibira inzira zija ku nyabakwa za Reta zikomeye zirimwo ay’injira mu ngoro y’inama nshingamateka no kuyinjira ahakorera Radiyo na tereviziyo vy’igihugu, vyahavuye bihagarika ibiganiro vyavyo vyose. Reuters ntiyashoboye kuronka uwuvugira Reta kugira atomore icabaye.

Ntibiratomoka niba ivyabaye ari uguhirika ubutegetsi canke uguhakwa kubuhirika vyoba vyaburijwemwo. Gusa, ivyabaye vyose uno munsi bishusha n’ivyigeze kuba mu bihugu vyo mu karere Burkina Faso irimwo, vyakozwemwo kudeta muri ino myaka ibiri iheze.

Koloneli Paul-Henri Sandaogo Damiba aramutswa Burkina Faso yafashe ubutegetsi mu kwezi kwa mbere k’uno mwaka biciye muri kudeta. Ni kudeta yahimbaye benshi barimwo abasivile bayishimiye, bavuga ko Prezida Roch Kabore yavanywe ku butegetsi yari yarananiwe no gutuza imihari y’iterabwoba yiyitirira idini rya Isilamu.

Agifata ubutegetsi biciye muri kudeta ya gisirikare, Koloneli Paul-Henri Sandaogo Damiba yemeye ko azogarukana umutekano. Ibitero yamara kuva afata ubwo butegetsi vyariyongereye, Reuters ikavuga ko amasoko yayo yayibwiye ko ibi vyashavuje binshi barimwo abagize uruhara mu kumushikana ku butegetsi.


Kimwe mu bitero vya hagufi, ni icagabwe muri ino ndwi ku madoka yari itwaye ibiribwa mu buraruko bw’igihugu: Ico gitero cahitanye abasirikare ba Reta 11, abasivile 50 bakinyururizwamwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG