Uko wahagera

Ubutungane Bwagiriza Dr Sahabo n'Abamuburanira Amanyanga


Ibitaro Kira Hospital
Ibitaro Kira Hospital

Mu Burundi, Umushikirizamanza kizigenza wa Republika, Sylvestre Nyandwi, yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru kugira asigure ibijanye n’ifungwa ry' Umushingwamanza Sandra Ndayizeye (Umukobwa wa Domitien Ndayizeye yahoze atwara Uburundi), na Etienne Sahabo (Mutoyi wa Muganga Christophe Sahabo. Sandra na Etienne kuva ejo bafungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba riri i Bujumbura.

Umushikirizamanza Nyandwi yavuze ko icatumye bahagarikwa bagatabwa mu buroko ari icegeranyo c’inama ya bose y’abafise imitahe mu bitaro Kira Hospital. Nyandwi yemeza ko muri uku kwezi, uwurongoye ivy’imfatakibanza urwego nshingwantwaro rwa Kira Hospital yituye ubutungane amaze kubona icegeranyo c'iyo nama ku mbuga ngurukanabumenyi.

Yitwaye avuga ko iyo nama itigeze iba, uwayikoranije nawe akaba aba mu mahanga. Mu nyuma, "amatohoza yakorewe muri parake ya Muha mu bumanuko bwa Bujumbura yerekanye ko ivyo avuga bifise ishingiro" nk’uko vyemezwa na Sylvestre Nyandwi.

Umushikirizamanza mukuru wa Republika atigeze yemera ikibazo na kimwe c’abamenyeshamakuru ahitamwo kwivira hasi ahitana impapuro ahejeje gusoma itangazo, yavuze icinyegeje inyuma y’iyo nama kubw’iwe yarementanijwe. Fyonda hasi uvyumve mu nkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza.

Ubutungane Bwavuze ico Bwagiriza Sandra wa Ndayizeye
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:06 0:00

Ata mazina avuze, Nyandwi yatangaje ko hari abahagaritswe muri dosiye ya Kira Hospital kubera bateye umukono kuri ico cegeranyo. Muri bo yagarutse kw’izina rimwe: umushingwamanza Sandra Ndayizeye, umukobwa w’uwahoze atwara Uburundi prezida Domitien Ndayizeye. Uwo aburanira Muganga Christophe Sahabo yagirizwa kuba yaragize uruhara rukomeye muvyo ubutungane bwita gukora impapuro mpimbano.

Ariko Maitre Gustave Niyonzima aburanira Muganga Sahabo imbere ya za sentare mpuzamakungu avuga ko ibiriko biraba muri dosiye y’uwo yunganira ari ihonyangwa ry’amategeko rikabije.

Ku muhingamo wo kuri uyu wa kane, Muganga Christophe Sahabo yavanywe mw’ibohero rikuru rya Bujumbura aja kuboherwa mw’ibohero ry’intara ya Ruyigi mu buseruko bw’igihugu. Amakuru yizewe ava muri iryo bohero yabwiye Ijwi ry’Amerika mu kajoro ko yahageze kandi yamaze kwakirwa.

Muganga Christophe Sahabo yahagaritswe n'igendereza ry'Uburundi mu ntango z’ukwezi kwa kane uyu mwaka. Uwo muganga w’Umurundi ni we yakoze umugambi w’ibitaro vy’akarorero ka mbere mu Burundi vyuguruwe muri 2015 mu kwa gatatu. Ivyo bitaro vyitiriwe Kira Hospital abanyamitahe bakuru ni abaturuka mu gihugu c’Ubuswise bikaba vyubatswe kuma miriyaridi 28 y’Amarundi, hafi imiriyoni 14 z’amadolari y’Abanyamerika.

Umufaransa Jean David Pillot yari ajejwe urwego nshingwantwaro rw’ivyo bitaro yari yahagarikiwe umusi umwe na Sahabo yaciye arekurwa bukeye. Ubu urwo rwego ruramutswa Charles Ndagijimana, umuyobozi mukuru wa Socabu, ishirahamwe rya mbere rikuru mu Burundi ryo kwitegekaniriza kazoza Reta ifisemwo imitahe myinshi.

Uwo mugabo azwi cane cane mu mwaka wa 2015 igihe yatwara sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro agafata ingingo yo kwemeza ko ikindi kiringo ca Nyakwigendera Pierre Nkurunziza ata mategeko gihonyanga. Bamwe mu bo bakorana bari bahunze bavuga ko batokwemeza ko ico kiringo cateye impari kibaho bagaha ukuri abagwanya umugambwe CNDD FDD uri kubutegetsi bari baciyamirije. Ibi vyahavuye bivyara indyane zatumye Abarundi barenga 1200 bicwa, abagera kuri 500.000 barahunga igihugu nk’uko vyemejwe na ONU.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG