Sahabo ubu afungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuva mu kwezi kwa gatanu uyu mwaka, inyuma y’ukwezi n’igice yamaze mu biro vy’iperereza.
Abagerageza kumuvugira bose baraterwa ubwoba ndetse harimwo n’abamuburanira. Umwe muri bo, Sandra Ndayizeye nawe yarafashwe arafungwa kuva ku wa kabiri co kimwe n’umwe mu bavukana na Sahabo.
Ni co kimwe na babiri mu banyamitahe b’ibitaro Kira Hospital, Esperance Baranyizigiye na Claver Manonko. Abo, co kimwe n’ikigo c’aba Swisse citwa “Swiss Med International” ni bo bafise igice kinini c’imitahe muri ivyo bitaro, ibice 68 ku ijana nk’uko biri mu rwandiko rw’ico kigo.
Abashingwamanza baburanira Muganga Sahabo mu masentare mpuzamakungu bariyamiriza ifungwa rya mugenzi wabo.
Amakuru Ijwi rya Amerika rifise ni uko umuryango wa Domitien Ndayizeye yahoze atwara Uburundi wasavye ko umukobwa wiwe, Sandra Ndayizeye, yorekurwa kuko afunzwe azira akazi kiwe ko kwunganira abandi mu vy’amategeko.
Mu vyaha Sahabo yagirizwa harimwo kunyuruza amatungo y’ivyo bitaro. Yamara, ikigo c’aba Swisse gifisemwo imitahe myinshi kiravyiyamiriza. Iryo shirahamwe Swiss Med International ryerekana ko reta y’Uburundi ifisemwo imitahe mike yoba ishaka kwigarurira iyindi mitahe n’amatungo y’ibitaro Kira Hospital.
Ivyo, umukuru w’igihugu na we aravyamirira kure. Prezida Evariste Ndayishimiye, yabigarutseko mu kiganiro aheruka guha abamenyeshamakuru n’abanyagihugu.
Aho bigeze, abasigaye baburanira abo bafunzwe kubera idosiye y’ibitaro Kira Hospital bemeza ko iyo dosiye icafuza ishusho y’igihugu.
Kuva Sahabo apfunzwe, ibitaro yahora arongoye vyahawe Charles Ndagijimana, yahoze atwara sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro.
Ishirahamwe Suiss Med International rifise imitahe myinshi, mu rwandiko rwayo Ijwi rya Amerika ryashoboye kubona, ryatangaje ko inama y’urwego nshingwantwaro ya banyene imitahe muri ivyo bitaro yafashe ingingo ko ubutunzi bw’ivyo bitaro, budasubira kuva mu mabanki kandi ko uwutwara ivyo bitaro azwi akiri Muganga Sahabo.
Iyo ngingo yamenyeshejwe amabanki yose aho ivyo bitaro bifise ubutunzi. Umukozi w’ibanki BCB yabwiye Ijwi rya Amerika ko bahawe amategeko ko “atawuzosubira gusohora n’ifaranga na rimwe kw’izina rya Kira Hospital”.
Ijwi rya Amerika ryashatse kumenya ico umuvugizi w’amaparike mu Burundi abivugako. Agnes Bangiricenge yabwiye umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika ko idosiye iri mu butungane atawurekuriwe kugira ico ayivugako itarahera.