Giorgia Meloni ayoboye urunani rw'imigambwe izira abanyamahanga kandi ishira imbere inyungu z'igihugu bita "Extreme-Droite" mu rurimi rw'igifransa yaratsinze amatora yabaye ku musi w'Imana mu gihugu c'Ubutaliyano.
Ivyavuye mu matora yo ku musi w’Imana vyashikirijwe mu masaha ya kare y’uno musi ku wa mbere vyerekana Meloni, ayoboye umugambwe, “Fratelli d’Italia”, yashikanye urunani rw’imigambwe ifise ivyiyumviro vy’intagondwa ku ntsinzi mu nama nshingamateka.
Umugambwe wiwe, “Fratedlli d’Italia” watsinze ubwawo wonyene n’ibice 26 kw’ijana vy’amajwi. Bikaba bizotuma Giorgia Meloni aba umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano w’umupfasoni.
Giorgia Meloni azwi kuba yifatira mu gahanga umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya, n’abimukira. Arafise impungenge ku bijanye n’ukuzera ku runani rw’ibihugu vyo mu burengero bw’isi.
Bizofata imisi itari mike kugira inama nshingamateka itangure imirimwo yabo na reta kugira ishirweho.
Mu gihe Giorgia Meloni ashigikiye bikomeye igihugu ca Ukraine, abo bari kumwe mu runani rwatsinze amatora yo ku musi w’Imana barashimagiza bikomeye prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin kandi bararwanya ibihano Uburusiya bwafatiwe.
Mw’ijambo yashikirije inyuma y’uko atsinze amatora, Meloni yatangaje ko batazohemukira abataliyano babatoye.
Intsinzi y’urunani rwiwe mu matora yitabiwe n’igitigiri c’abatoye cari hasi kuruta uko bisanzwe ibaye mu gihe imigambwe yari yarakumiwe kubera igendera ku vyiyumviro vy’aba Nazi n’abafashiste iriko irakomera ku rubuga rwa politike kandi iriko itsinda amatora ku mugabane w’Ubulaya.
Facebook Forum