Uko wahagera

Abarenga 10 Baguye mu Gitero co kw'Ishure mu Burusiya


Bamwe mu bajejwe ubutabazi
Bamwe mu bajejwe ubutabazi

Igitigiri c'abamaze gupfa igihe umuntu yitwaje ikirwanisho yarasa ku bari mw'ishule iri hagati mu gihugu c'Uburusiya uno musi ku wa mbere kimaze kugera kuri 13, harimwo abana 7, abandi 21 bakomeretse.

Urwego rujejwe itohoza rw’Uburusiya rwatangaje ko ico gitero cabereye kw’ishule iri mu gisagara ca Izhevsk, kiri hafi y’ibilometero 960 mu buseruko bw’umurwa mukuru, Moscou, mu ntara ya Udmurtia. Urwo rwego rumenyesha ko abana 14 n’abakuze 7 bakomeretse muri ico gitero.

Urwo rwego rumenyesha ko uwakoze ico gitero c’uno musi ku wa mbere yitwa Artyom Kazantsev w’imyaka 34 yarangije kuri iryo shule yakozeko ico gitero. Nta vyatangajwe ku mvo zoba zamutumye akora ico gitero.

Bulamatari w’intara ya Udmurtia, Alexander Brechalov yatangaje mu butumwa kuri videwo ko uwakoze igitero c’uno musi ku wa mbere yirashe.

Umuvugizi wa Prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov yavuze ko ico ari igikorwa c’iterabwoba. Yatangaje ko Prezida Vladimir Poutine yatanze amategeko yose akenewe ku bategetsi yerekeye.

Peskov yabwiye abamenyeshamakuru, uno musi ku wa mbere ko Prezida Poutine agandariye abana n’abakuze bishwe kw’ishule yo mu gisagara ca Izhevsk, aho igikorwa c’iterabwoba cabereye.

Iryo shule ryigisha abana bari hagati y’umwaka umwe n’imyaka 11.
Itohoza ku gitero c’uno musi ku wa mbere ryatanguye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG