Uko wahagera

Ukutumvikana kw'Ishingurwa rya Shinzo w'Ubuyapani


Umuduga urimwo ikiziga ca Abe
Umuduga urimwo ikiziga ca Abe

Shinzo Abe yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani azoshingurwa ku wa kabiri w’indwi iza. Vyitezwe ko abategetsi baharurwa mu majana b’irya n’ino kwisi bazoza kumuherekeza.

Ishingurwa rya Abe ririko ritegurwa mu kutumvikana ku cubahiro akwiriye guherekezanywa: Amatohoza yakozwe yerekana ko benshi mu banyagihugu basanga atari ngombwa ko ashingurwana ivy’ubuhiro bihabwa uwutwara igihugu mu Buyapani (Empereur).

Benshi mu babajijwe ikibazo co kumenya niba yoherekezwa mu vy’ubahiro bishusha nk’ivyuwutwara igihugu, bishuye ko bidakenewe, basigura ko ari ugusesagura amafaranga. Reta y’Ubuyapani ivuga ko kugira Abe ashingurwane iteka, hakenewe imiriyoni 12 z’amadorali.

Bimwe mu vy’Ubuyapani buzokwama bwibukirako Abe, harimwo ukuba yarafashije igihugu ciwe guhangana bikomeye n’ico bwita agasomborotso k’Ubushinwa na Koreya ya Ruguru, no kuba yarashoboye gushiraho icuka ciza, mu kuguma mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere imyaka itandatu ikurikirana, mu gihe imbere yiwe ku mwaka ku mwaka ico kibanza cajamwo umushikiranganji wa mbere mushsasha.

Hambavu y’abashimagiza ubutwari bwiwe, hari ariko urundi ruhande ruvuga ko yahatswe gushora Ubuyapani mu ntabara. Urwo ruhande rumwagiriza ko atashoboye gutuma ubutunzi bw’igihugu ciwe butera imbere biboneka. Shinzo Abe yishwe mu kwezi kw’indwi aho yari mu myiyamamazo akaza kuraswa n’umwe mu bari muri iyo myiyamazo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG