Uko wahagera

Burundi: Urwego rw'Abashingantahe Rwiyamiriza Ingingo Ibafuta


Abashingantahe

Mu Burundi, urwego rw’abashingantahe mu gihugu cose ruriyamiriza ingendo yo gufuta urwo rwego rukomeye mu gihugu kuva ku ntwaro ya cami. Ni mu gihe abahuza bo mu ma karitiye no ku mitumba igize igihugu cose barahiye kuri uyu wa kane kugira batangure amabanga yabo, maze basubirire Abashingantahe bamye batatura amatati mu kibano kuva kera.

Abatowe mu gihu cose bangana na 43.650, bakaba batowe ku mitumba n’amakaritiye arenga gato 2900. Ku mutumba umw’umwe hatowe abantu 15. Bafise igikorwa co kwunga, gutatura amatati no kumvikanisha abanyagihugu mu kibano, mu ntumbero yo gutuma amasentare y’intango adasubira kurengerwa n’imanza ntonto.

Aba bahuza baje gukuraho burundu urwego rw’Abashingantahe mu gihugu. Uru rwari rumaze imyaka irenga 100 rutatura amatati mu kibano. Uwutwara urwo rwego rw’Abashingantahe bafuswe, Adrien Sibomana, abona ko Ubushingantahe ari akarangamutima kadashobora kuzimangana.

Ubushikiranganji bw’ubutungane bwerekana ko hari itandukaniro hagati y’Abashingangahe n’abo bahuza. Urwo rwego rw’Abahuza rwegukira ubwo bushikiranganji bw’ubutungane, ndetse rugiye kuba rumwe mu nzego zegereye abanyagihugu zica imanza, uwudashimye urwaciwe bakamuha uburenganzira bwo kwitura sentare y’intango.

Itegeko rivuga ko uwutazoba afise ubwo burenganzira yahawe n’abahuza atazokwitura sentare z’intango. Bazoca imanza z’abamatati gusa (Affaires civiles), n’ayo iz’ivyaha (Affaires pénales et criminelles) ntizibaraba. Ibi ntibinyura Abashingantahe. Yamara bavuga ko bemera itegeko ribafuta n’aho kubw’abo ifutwa ry’abo rizogira ingaruka mbi mu kibano.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwerekana ko Abahuza batandukanye n’abajejwe intwaro ku mitumba, ndetse ko ata rwego rushobora gusubira urundi muri izo zibiri.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, yaheruka gushikiriza ko urwego rw’abashingantahe hari igihe barenga akarimbi, bagakora nk’amashirahamwe yigenga canke abarwanya ingingo za reta. Yibukije ko abahuza bamaze gutorwa, abashingantahe ata jambo bazoba bagifise mu gihugu.

Abatavuga rumwe na reta nk’umugambwe CNL wowo ubona ko abahuza ari akaryo k’umugambwe uri ku butegetsi ko kwigarurira ubutegetsi bwose kuva hasi gushika hejuru. Uwo mugambwe utanga akarorero ko mu ntara zimwe zimwe nka Kayanza, Ngozi, Muyinga na Bujumbura rural, hari abaturuka muri uwo mugambwe bankiwe kwitoza. Ibi, umushikiranganji w’Ubutungane yavyamiriye kure, asaba abatowe kudakorera imigambwe baturukamwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG