Uko wahagera

Nijeriya: Ubutungane Bwategetse Abarimu Gusubira ku Kazi


Bamwe mu bakoze imyiyerekano
Bamwe mu bakoze imyiyerekano

Sentare muri Nijeriya yetegetse uno musi ku wa gatatu abigisha bo muri za kaminuza za reta bagararije akazi gusubira ku kazi kabo. Iyo sentare yabategetse gusubira ku mirimo yabo inyuma y’aho bahagarikiye akazi bivuye ku mishahara, batarahembwe mu mezi indwi aheze. Iyo ngingo yo kugarariza akazi yarabangamiye ivyirwa mu mashure.

Abo bigisha muri za kaminuza bariko basaba kwongerwa imishahara. Ibiganiro bitari bike bagiranye na reta ntaco vyavuyemwo. Vyatumye reta ya prezida wa Nijeriya, Muhammadu Buhari yitura sentare.

Mu ngingo yiwe y’agateganyo, umucamanza, Polycarp Hamman, yavuze ko abo bigisha bategerezwa gusubira ku kazi mu kurundira ko urubanza rwashingishijwe na reta ruherahezwa.

Ku musi wa mbere, abanyeshure amajana n’amajana barazibiye ibarabara rikuru rijana ku kibuga c’indege ku murwa mukuru w’ubutunzi, Lagos mu ntumbero yo kwiyamiriza ihagarikwa ry’ivyirwa vyatumwe n’ukugarariza akazi kw’abigisha bo muri za kaminuza za reta. Bagabishije ko bashobora kwugara ikiraro gikuru n’ikuvuko uno musi ku wa gatatu. Kugarariza akazi kw’abigisha bo muri za kaminuza za reta NI ibintu vyama vyabaye muri Nijeriya, kandi kenshi bimara amezi atari make.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG