Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, yatangaje ingingo y'ukukoranya abasirikare benshi kurushiriza bagenewe kurwana muri Ukraine. Yongeye aragabisha abansi b'igihugu ciwe.
Yasavye ko abagize umwuga w’igirisikare baba ari abasivile mu gihe c’amahoro yamara bashobora gutumwako mu gihe c’ingwano bagera ku 300,000 batumwako. Bibaye inyuma y’uko inteko z’Uburusiya zitsinzwe ku rugamba mu bice vyo mu buseruko bwa Ukraine. Prezida Putin yateye aremerwa kurushiriza kugira afate ingingo ku ngwano muri Ukraine.
Mw’ijambo Prezida Putin yashikirije abanyagihugu, uno musi ku wa gatatu, yashigikiye kandi imigambi y’Uburusiya y’ugutuma ibice inteko z’igihugu ciwe zigaruriye mu bumanuko no mu buseruko bwa Ukraine vyegukira icese Uburusiya.
Putin yatangaje ko igihugu ciwe kizokoresha uburyo bwose gifise kugira gikingire ivyo kibona ko ari imbibe zaco. Yagoneyeho akaryo ko kugabisha ibihugu vyo mu burengero bw’isi ko ivyo yatangaje atari ukujajura.
Ivyo Prezida Putin yatangaje bije umusi umwe inyuma y’uko ibice bigenzurwa n’Uburusiya muri Ukraine bivuze ko bizogirisha amatora muri iyi ndwi y’ukwitandukanye na Ukraine bikifatanya n’Uburusiya. Ni imigambi abategetsi ba Ukraine n’ibihugu bicuditse vyo mu burengero bw’isi vyiyamirije.
Abategetsi ba Reta y’Amerika bavuga ko ingingo ya Putin y’ugutuma ingwano muri Ukraine ikomera kurushiriza vyari vyitezwe. Bamenyesha ko vyerekana ko ingwano y’Uburusiya muri Ukraine ataho iriko irashika.(VOA News)
Facebook Forum