Uko wahagera

Icuka Kibi Hagati ya Turukiya n'Ubugiriki Kirushiriza Kwiyongera


Umusirikare w'Ubugiriki ariko arakizura mw'ibahari Mediterane hagati y'izinga rya Lesbos na Turukiya, mu kwezi kwa gatatu, itariki 19, 2019
Umusirikare w'Ubugiriki ariko arakizura mw'ibahari Mediterane hagati y'izinga rya Lesbos na Turukiya, mu kwezi kwa gatatu, itariki 19, 2019

Icuka kibi hagati ya Turukiya n’Ubugiriki kiriko kiraduga ku rugero rwo hejuru, ku karere ivyo bihugu bipfa. Abasesenguzi baragabisha ko poritike z’ivyo bihugu bibiri vyo muri OTAN ari zo ziriko zirenyegeza umuriro w’ico cuka kibi. Ni mu gihe ibihugu vyo mu burengero ata twigoro biriko birerekana two kubumvikanisha kuko amaso yose ari ku ntambara muri Ukraine.

Prezida wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan, aragabisha ko igihugu ciwe gishobora gufata amazinga y’Ubugiriki yashizwemwo abasirikare benshi mu buryo buciye kubiri n’amasezereno mpuzamakungu.

Ubugiriki bwisigura buvuga ko bwarundanirije abasirikare babwo muri ayo mazinga ku gutinya ubwoba buterwa na Turukiya.

Turukiya n’Ubugiriki vyarahatswe gutana mu mitwe mu 1996 iyo Reta zunze ubumwe za Amerika itahaba ngo ivyumvikanishe. Ariko abakurikiranira hafi amatati hagati y’ivyo bihugu baragabisha amakungu yasamariye intambara hagati y’Uburusiya na Ukraine. Amakungu ntariko aritaho urwo ruhagarara hagati ya Turukiya n’Ubugiriki.

Muri uku kwezi Turukiya n’Ubugiriki vyaragirizanije kugira uruhara mw’izama ry’abimukira mw’ibahari Egee. Hari ubwoba kandi ko abo bimukira atari abanyuma bapfiriye mu mazi, mu gihe abategetsi b’ivyo bihugu batoshira hamwe ngo bumvikane.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG