Uko wahagera

Ugutana mu Mitwe Hagati ya Arumeniya na Azerbaijan Kwahitanye Ingabo 200


Bamwe mu basirikare bateruye isandugu yaguye mugenzi wabo
Bamwe mu basirikare bateruye isandugu yaguye mugenzi wabo

Umukuru w'inama nshingamateka y'Amerika, Nancy Pelosi, ejo ku wa gatandatu azogendera Arumeniya. Madamu Pelosi yabwiye abamenyeshamakuru I Berlin ku murwa mukuru w’Ubudagi aho ari mu rugendo rw’akazi ko mu bazomuherekeza muri Arumeniya harimwo Umushingamateka w’Umudemokrate, Jackie Speier, afise amamuko muri ico gihugu.

Pelosi yirinze gutanga amakuru menshi kuri urwo rugendo, asigura ko abikoze mu ntumbero yo kudashira mu kaga bamwe mu bashingamateka bazojana. Uretse Umushingamateka Jackie Speier, nta wundi mu bazomuherekeza yatangaje amazina yiwe. Yagize ati: “Uko biri kwose, bijanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu, no kubaha agateka ka muntu, nk’ikiremwa gifise agaciro.””

Ingabo za Armeniya muri ino ndwi zarasubiye gutana mu mitwe n’iza Azerbaijan, abasirikare barenga 200 muri rusangi barwa muri iyo ntambara: Umushikiranganji wa mbere wa Arumeniya, Nikol Pashinyan, yabwiye inama nshingamateka ya Arumeniya ko abaguye ku rugamba ku ruhande rwa Arumeniya ari 135, Umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Azerbaijan nawe avuga ko ku ruhande rwabo babuze abasirikare 77.

Ugutana mu mitwe hagati ya Azerbaijan na Arumeniya kuri ino ncuro kwamaze iminsi ibiri. Ni ko guhitanye benshi muri ino myaka ibiri iheze. Hagati aho, ubushikiranganji bwo kwivuna umwansi muri Armeniya bwatangaje ko imipaka Armeniya ihana na Azerbaijan yiriwemwo agahengwe, kandi ata gukozanyako kwigeze kuhaba. Arumeniya na Azerbaijan barumvikanye gutanga agahenwe kinjiye mu munsi wako wa kabiri uno munsi ku wa gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG