Abantu bashika ku ndwi barishwe abandi 16 barasha nabi cane igihe ikamyo yikoreye ibitoro yaturika mu mihana y’abanyagihugu mu burengero bwa Repuburika ya demokarasi ya Kongo.
Buramatari w’intara ya Kongo Central, Guy Bandu, yavuze ko iryo sanganya ryabaye mw’ijoro ryo kuwa gatatu rishira uwa kane mu mihana y’i Mbuba, ku birometero hafi 120, mu burengero bw’umurwa mukuru Kinshasa.
Agasagara ka Mbuba kari kw’ibarabara rikuru rihuza Kinshasa n’ibivuko vya Matadi na Boma.
Mabiala Khonde, wo muri sosiyete sivile muri ako karere yavuze ko iyo kamyo yahiye abanyagihugu bariko baravoma igitoro cari catobotse.
Abandi bantu barenga 50 barishwe igihe iyindi kamyo y’ibitoro ihiriye muri ako gasagara nyene mu kwezi kw’icumi 2018.
@AFP
Facebook Forum