Uko wahagera

Ikibazo c'Abimukira mu Vyononye Imigenderanire ya USA na Mexique


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Amerika, kumwe na mugenzi wiwe wa Mexique

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Anthony Blinken, n'abandi bategetsi bakomeye bajejwe ubudandaji baragira urugendo uno musi ku wa mbere muri Mexique.

Bitegekanijwe ko Blinken abonana na prezida wa Mexique, Lopez Obrador hamwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’ico gihugu, Marcelo Ebrand. Abo bategetsi baja kuganira ku bijanye n’imigenderanire mu vy’ubutunzi hagati y’ibihugu vyabo hamwe n’iyindi migambi bishimikiyeko. Ivyo harimo nk’ibijanye n’abimukira hamwe no guhagarika ibiyayuramutwe vyinjizwa muri Amerika bivuye muri Mexique.

Umubonano hagati ya Blinken na Prezida Obrador uzoba ubaye amezi abiri inyuma y’uko prezida wa Amerika, Joe Biden, abonanye na Prezida Obrador mu biro vyiwe, Maison Blanche. Ico gihe Prezida Biden yavuze ko ibihugu vyompi bikeneye gusubira kunagura imigenderanire hagati yavyo.

Abategetsi ba Amerika batangaje ko abantu binjira ku butaka bwayo mu buryo butarekuriwe n’amategeko bavuye muri Mexique batumye imigenderanire hagati y’ivyo bihugu vyompi itosekara.

Ivyo bihugu ntivyumvikana kandi ku migambi ijanye n’amasoko ntanganguvu. Amerika yaranebaguye ingingo y’igihugu ca Mexique yo gufata mu mugongo amasosiyete ajejwe amasoko ntanganguvu agenzurwa na reta. Ivuga ko birenga ku masezerano y’ubudanndaji ivyo bihugu vyompi vyagiranye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG