Uko wahagera

Kenya Yatanguye Gupima Corona na Malariya Ikoresheje Ibikoresho Yikoreye


Umwe mu bakozi bo kwa Muganga muri Kenya
Umwe mu bakozi bo kwa Muganga muri Kenya

Igihugu ca Kenya catanguye isekeza ryo gupima indwara ya Corona virus na Malariya hakoreshejwe igipimo cakorewe muri ico gihugu nyene. Ico cuma gishobora gupima umugera wa Covid19 hamwe na Malariya nk’uko bimenyeshwa n’ ibiro vy’igihugu bijejwe ubushakashatsi bw’ingwara muri Kenya. Bivuga kandi ko vuba ico gipimo gitanga inyishu mu buryo bwihuta kigiye kurungikwa mu bihugu vyo mu karere. Abahinga bo kuri ivyo biro batanguye gukora ico gipimo kuva ikiza ca Covid19 gitangura kugira bagwanyire hamwe izo ngwara zibiri.

Igihugu ca Kenya kibaye ica mbere mu karere gikoze ico gipimo kijanye n’ubuhinga busabwa mu gupima izo ngwara zompi. Ni mugihe ingwara ya malariya yandukira abantu imiliyoni zitatu n’ibice bitanu igahitana abashika ibihumbi cumi n’amajana indwi buri mwaka. Iyo ngwara n’iyo yambere ihitana abantu benshi muri ico gihugu.

Covid19 nayo yaje kuremera igisata c’ubuvuzi cari gisanzwe kidafise ibikoresho bikwiye vyo gupima izo ngwara ugereranije n’ibihugu biteye imbere. Umuhinga akaba n’umuhanuzi mukuru mw’ishirahamwe ry’abayobozi mu bijanye n’ingwara ya Malariya muri Afrika, Willis Akhwale, avuga ko iyi ari intambwe ikomeye kuri Kenya no ku mugabane w’Afrika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG