Uko wahagera

Burundi: Umwaka w'Ishure Watanguye mu Bukene bw'Ibikoresho


Bamwe mu banyeshure bo mu Burundi na mwigisha wabo
Bamwe mu banyeshure bo mu Burundi na mwigisha wabo

Kuri uyu wa mbere hatanguye umwaka w'ishure wa 2022 ushira 2023 mu Burundi.
Nka hose mu gihugu watanguye amashure menshi afise ubukene bw'ibikoresho n'umurengera w'ibitigiri vy'abanyeshure. Hejuru y'ivyo, abanyeshure biga mu mashure afise uburaro ya kure y'i wabo bagize ikibazo co kwiyunguruza kubera ubukene bw'ibitoro.

Ku rubuga rwiwe rwa Twitter, prezida Evariste Ndayishimiye yanditse agira ati” Uyu musi abana b’Uburundi batangura umwaka w’ishure mushasha, ndabifurije amagara meza, ubwitonzi n’ubwira kugira ngo bige bamenya kuko ari bo kazoza k’igihugu cacu. Dusabiye abigisha, abarezi gukomera kw’ibanga ridasanzwe ryo kurerera Uburundi”


Abavyeyi bavuganye n'Ijwi ry'Amerika bemeza ko ari hamwe nyene ibanga riheberwa naho ubundi ibokoresho vy’ishure vyaduze ku rugero ruteye ubwoba.
Uyu mwaka Reta yongereye amafaranga ijana ku munyeshure umwe wo mu ndaro agaburirwa. Ariko abayobozi nk’uwutwara Lycee ya Cibitoke basanga ari nk’ima mu bugararwa.

Fyonda munsi wumve amajwi y'abatandukanye mu nkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

Umwaka w'Ishure Watanguye mu Bukene bw'Ibikoresho n'Ubwinshi bw'Abanyeshure
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:13 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG