Mu Burundi, kur’uyu wa gatanu ku muhingamo, abagize Reta nshasha barahiye imbere y'inama nshingamateka na nkenguzamateka. Mu birori vyabereye ku mugwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura, umugambwe CNL utavuga rumwe n'ubutegtesi ntiwavyitavye.
Mw'itangazo ryasomwe ku mboneshakure y'igihugu c'Uburundi (RTNB) mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane na Alain Diomède Nzeyimana, umuvugizi w'umukuru w'igihugu kw'igenwa ry'abashasha bagize Reta, abashikiranganji batanu ni bo gusa bashasha binjiye muri iyo Reta, abandi bagumye mu bibanza barimwo.
Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika Eloge Willy Kaneza yabikurikiye ategura inkuru mushobora kumva mu ijwi ryiwe hano hepfo.
Facebook Forum