Uko wahagera

Burundi: Ifungwa ry'Umupfasoni Floriane Riteye Impungenge Benshi


Madame Floriane Irangabiye
Madame Floriane Irangabiye

Umufasoni Floriane Irangabiye yahora aba i kigali mu Rwanda arafungiwe i Bujumbura mu biro vy’iperereza. Akekwako gukorana n’imigwi irwanya reta y’Uburundi no kuneka igihugu.

Amakuru Ijwi rya Amerika rifise ni uko uwo mufasoni Floriane Irangabiye yashitse i Bujumbura mu mpera z’ukwezi kwa 8 guheze, maze afatwa italike 28 z’uko kwezi nyene. Umuryango wiwe wemeza ko yaciye aja gufungirwa mu biro bikuru vy’iperereza aho akiri gushika n’ubu.

Floriane Irangabiye yari amaze iminsi aba i Kigali mu Rwanda. Yoba yagirizwa “gukorana n’imigwi y’abarwanya reta y’Uburundi hamwe no gukorera iperereza ry’ikindi gihugu”.

Uwo mufasoni Irangabiye arazwi cane i Kigali mu Rwanda mu mihari y’abakenyezi, abaharanira agateka ka zina muntu n’abandi. Arakunda kandi gutanga ibiganiro ku ma radiyo atandukanye y’abarundi akorera mu buhungiro cane cane iyitwa “Igicaniro” icisha ibiganiro ku mbuga ngurukanabumenyi.

“Ni umugore w’inshirwarimenetse, atarya umunwa kandi azwi nk’uwudatinya kudoma urutoke ku mabi akorwa na reta y’Uburundi mu bisata bitandukanye”, uko ni ko umwe mu bo bagendana yabwiye Ijwi rya Amerika.

Mu manza n’ibirori bitandukanye bihuza Abarundi cane cane impunzi, Floriane Irangabiye arakunda kubijamwo. Ibiheruka ni ihimbazwa ry’imyaka 60 iheze Uburundi bwikukiye, vyari vyateguwe n’umuhari witwa “Fraternité” ari na wo iradiyo “Igicaniro” yegukira. Yabonetse nk’uwuri mu nteguro y’uwo munsi mukuru.

Igihe yagenda i Bujumbura, hari bamwe mu bo bakorana yasezeye harimwo n’uwutwara uwo muhari. Bamwe muri bo bemeza ko bamuhanuye kutaja i Bujumbura kubera amajambo yama yashikirije ndetse n’amafoto yama yitozanije n’abo Uburundi bwita abansi b’igihugu.

“Twese twaragize amakenga twumvise ko agiye mu Burundi. Twibajije ko yoba agiye ahandi. Kanatsinda mu kuja i Bujumbura yabanje guca mu kindi gihugu tutaramenya neza. Biratubabaje ariko biragoye no gutahura”, uku ni ko umwe mu bo bakorana yatubwiye.

Bamwe bavuze ko yoba yari agiye kurondera urupapuro rw’inzira, Pasiporo, ariko umwe mu bamwegereye yaduhaye umuco. « Floriane arafise Pasiporo y’Uburundi kuva kera. Yaje ngaha mu Rwanda gushinga urwiwe imbere y’uko impunzi za mbere ziza mu mwaka w’2015. Ntiyari impunzi, kuko yahora aja muri ambasade kurondera visa yo kuba muri iki gihugu nk’umunyamahanga. Ico bikoze, vyari bizwi n’abantu bake kuko ntiyashaka ko bimenyekana », uko ni ko uwundi bagendana yabwiye Ijwi rya Amerika.

Ku rubuga rwiwe rwa Twitter habonekako amafoto atatu atandukanye y’umukuru w’igihugu c’u Rwanda, Paul Kagame. Mu mpunzi ziba mu Rwanda, bamwe baguye mu gahundwe bumvise ko uwo bahora bagendana, basangira, ashikiriza ibiganiro nk’umwe muri bagenzi babo yafatiwe i Bujumbura.

“Biraduteye amakenga kuko twahora twibaza ko ari impunzi kandi ko atosubira mu gihugu vyoroshe. Ariko nimba yabonye ko ari vyo vyiza kuri we, ntaco tubihindurako. Gusa, ashobora kuba yarahenzwe canke yafashe ingingo gihutihuti”, ni ko bamwe mu mpunzi z’Abarundi bashikiriza.

Imbere y’uko afatwa agafungwa, umwe mu bo mu muryango wa Floriane Irangabiye, yemeje ko uwo mufasoni w’abana babiri yari amaze iminsi atembera i Bujumbura, ataco yinona, haba mu manza zitandukanye, mu bunywero n’ibirori bitandukanye ari kumwe n’abakunzi biwe.

Umuryango wiwe woba ari wo utashatse ko ifatwa ryiwe rimenyekana hakiri kare.
Ijwi rya Amerika ryabajije umuvugizi w’igipolisi, Pierre Nkurikiye ico yovuga kuri iryo fatwa ry’umurundikazi yari amaze iminsi mu Rwanda. Nkurikiye ntiyashimye kutuvugisha.

Umuhari w’abakenyezi baharanira amahoro n’umutekano, wabwiye Ijwi rya Amerika ko hataragera ko hagira ico bavuze kw’ifatwa rya Floriane Irangabiye.
Bagenzi babo mu muhari w’abakenyezi Inamahoro, Floriane Irangabiye yarakunze gushikirizamwo ibiganiro vyo guharanira agateka k’abagore, n’abo nyene ntibashima kugira ico bavuze. Nka bose, bemeza ko iyo dosiye itoroshe mu gihe uwafatiwe i Bujumbura atabasezeye.


Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda

Ifungwa rya Floriane Riteye Amakenga Benshi
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:52 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG