Uko wahagera

Umwamikazi w'Ubwongereza Elizabeti Araremvye


Umwamikazi Elizabeti w'Ubwongereza

Umwamikazi w'Ubwongereza Elizabeti wa kabiri araremvye. Ingwara Umwamikazi Elizabeti wa kabiri arwaye ntiyatangajwe. Itangazo ry’Ubwami rivuga ko abaganga bihariye b’Ubwami basavye kumuguma hafi, aho ari mu ngoro ye iri muri Ecosse. Iyo ngoro ni yo asanzwe abamwo mu gihe c'ici.

Ejo ku wa gatatu, Umwamikazi Elizabeti wa kabiri yasibije inama yari kugirana n’umurwi urimwo abahanuzi biwe bamwegereye. Bitegekanijwe ko umuryango wiwe wa hagufi uza kumusanga mu ngoro arimwo uno munsi.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Liz Truss, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter yanditse avuga ko igihugu cose gitewe impungenge n’amagara y’Umwamikazi Elizabeti wa kabiri. Truss yabandanije ati: “ Jewe n’igihugu cose turi kumwe n’Umwamikazi wacu kumwe n’umuryango wiwe muri bino bihe.”

Umwamikazi w’Ubwongereza Elizabeti wa kabiri afise imyaka 96.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG