Uko wahagera

Umushikiranganji w'Imigenderanire y'Amerika ari mu Rugendo Muri Ukraine


 Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine na Ministri w'Ububanyi n'Amahanga w'Amerika Anthony bari i Kyiv, taliki 8/9/ 2022.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine na Ministri w'Ububanyi n'Amahanga w'Amerika Anthony bari i Kyiv, taliki 8/9/ 2022.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y' Amerika n'ayandi makungu, Antony Blinken ari mu rugendo muri Ukraine. Ni urugendo rugamije kwereka Ukraine ko Amerika ikiri ku ruhande rwayo mu ntambara ico gihugu kirimwo n’Uburusiya. Antony Blinken yatangaje ko Amerika igiye gutanga imiriyaridi 2 n’amamiriyoni 600 vyo gushigikira Ukraine n’ibindi bihugu 18 bishobora kwibasirwa n’Uburusiya muri kazoza.

Ayo mafaranga arimwo imiriyoni 275 z’amadorlai y’Amerika zizogura ibindi birwanisho vyo gufasha Ukraine. Blinken araza kandi kugaruka ku mafaranga agera ku miriyaridi 2 z’amadorali yo gushigikira ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Ukraine n’ibindi bihugu 18 vyegereye Ukraine. Reta y’Amerika yipfuza gusaba ayo mafaranga inama snshingamateka yayo.

Urugendo rwa Blinken muri Ukraine rubaye imbere y’indwi zike gusa ngo habe inama rusangi y’ibihugu bigize ishirahamwe mpuzamakungu, ONU. Abategetsi b’Amerika bavuze ko iyo nama izobera i New York ari akaryo keza ko kongera kwibutsa ko ari ngombwa ko ibihugu bigize ONU bibwirizwa kubahiriza ubwigenge bw’ibindi bihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG