Uko wahagera

CPI Yahagaritse Umutahe ku Wahoze mu Butegetsi bwa Kadafi


Abacamanza ba sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI
Abacamanza ba sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, yavuze kuri uyu wa gatatu ko ihagaritse ivyaha vyo mu ntambara yagiriza uwahoze ajejwe umutekano mu gihugu muri Libiya ku ntwaro ya Moamar Kadhafi. Ni inyuma y’aho uyo yariko akurikirwanwa na CPI apfiriye ahitanywe n’urupfu rusanzwe.

Mohamed Khaled al-Tuhamy, w’imyaka hafi 80, yaronderwa na CPI ku ruhara yagirizwa kuba yaragize mu kugerageza guhohotera abari mu migumuko yo mu 2011 muri Libiya. Imigumuko yaruhiye gukura Kadhafi ku butegetsi yari amazemwo imyaka 40.

Mohamed Khaled yaronderwa ku vyaha bine vyo guhohotera agateka ka muntu, hamwe na bitatu vyo mu ntambara, yakoze hagati y’ukwezi kwa kabiri n’ukwezi kwa munani 2011. Ico gihe Kadhafi yariko aburizamwo abariko baramugumukana.

Abashingwamanza ba CPI bavuze ko ibigo vy’igisirikare, iperereza n’umutekano vyo muri Libiya vyakoze ibitero ku banyagihugu.

Kibaye ikirego ca kabiri CPI ihagaritse kuri Libiya, inyuma y’iyemezwa ry’urupfu rw’umukuru w’akagwi k’abarwanyi, Mahmoud al-Werfalli, yari ku ruhande rw’umukuru w’igisirikare kirwanira mu buseruko, Khalifa Haftar. Yishwe n’umurwanyi ataramenyekana mu kwezi kwa gatatu 2021.

Umutahe usigaye kuri Libiya ni uw’umuhungu wa Kadhafi, Seif al-Islam. Yagirizwa ivyaha bibiri ku gateka ka muntu, ku ruhara yagize gukubagura abantu mu kuburizamwo imigumuko.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG