Uko wahagera

Abasivile 35 Barishwe na Mine mu Buraruko bwa Burkina Faso


Ibarabara rica hagati y'ibisagara vya Bourzanga na Djibo mu buraruko bwa Burkina Faso.
Ibarabara rica hagati y'ibisagara vya Bourzanga na Djibo mu buraruko bwa Burkina Faso.

Abasivile bashika kuri 35 barishwe abandi 37 barakomereka mu buraruko bwa Burkina Faso kuri uyu wa mbere. Reta mfatakibanza mu ico gihugu yavuze ko hari igihe imodokari yari mu rukurukikirane rw’izindi iturikijwe n’igisasu ca mine catezwe mw’ibarabara.

Izo modokari zariko zigenda ku murwa mukuru, Ouagadougou, igihe zaturitswa n’ico gisasu hagati y’ibisagara biri mu buraruko vya Djibo na Bourzanga. Ni akarere abarwanyi b’intagondwa z’abayisilamiste bamenyereye gutera imihana y’abanyagihugu, abaporisi hamwe n’abasirikare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG