Uko wahagera

Ubwongereza: Liz Truss Yagenywe Kuba Umushikiranganji wa Mbere


Liz Truss wangenywe kuba umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza

Liz Truss yagenywe uno musi ku wa mbere n'umugambwe wiwe kuba umushikiranganji wa mbere mushasha w'Ubwongereza.

Agenywe mu gihe Ubwongereza buhanganye muri iki gihe n’ubuzima bw’abanyagihugu butera buzimba cane, n’ubutunzi bw’igihugu buri mu bibazo bikomeye cane.

Ni inyuma y’indwi zitari nke z’impari hagati ya Liz Truss n’uwo bahiganywe, Rishi Sunak, mu matora y’umugambwe, yabaye uno musi ku wa mbere. Truss yatsinze n’amajwi 81,326 mu gihe Sunak yaronse amajwi 60,399.

Inyuma y’uko ivyavuye mu matora bitangajwe, Liz Truss yatangaje ko bakeneye kwerekana ko bazoshira mu bikorwa ivyo bemereye abanyagihugu mu kiringo c’imyaka ibiri yimirije. Yemeye ko azogabanya amatagisi, yongere atume ubutunzi bw’igihugu bukomera kurushiriza. Yatangaje kandi ko bazoshira mu ngiro ivyo yemeje vy’ugutorera inyishu ibibazo vyo mu gisata c’amasoko ntanganguvu.

Liz Truss azoba abaye umushikiranganji wa mbere agira kane wo mu mugambwe wiwe kuva mu mwaka w’i 2015.

Igenwa ryiwe rizotuma umushikiranganji wa mbere yari ahari, Boris Johnson, ashikiriza icese amabanga yiwe ejo ku musi wa kabiri. Yatanze imihoho mu kwezi kw’indwi inyuma y’amezi atari make y’amarorerwa yatumye abari muri reta yiwe batari bake batanga imihoho.

Mbega Liz Truss ni umuntu ki? Yaranguye Iki mu buzima bwa Poritike?

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eddie Rwema yaganiriye na mugenzi wacu Venuste Nshimiyimana ari i Londres mu Bwongereza, arabimusobanurira mu Majwi.

Liz Truss Yatowe kuba Umushikiranganji wa Mbere w'Ubwongereza ni Umuntu Ki?
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:57 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG