Uko wahagera

10 Bishwe, 15 Barakomereka Bacumiswe Imbugita muri Canada


Damien Sanderson na Myles Sanderson, bakekwa ubwo bugizi bwa nabi mu ntara ya Saskatchewan muri Canada

Igiporisi muri Canada kivuga ko abantu 10 bishwe bacumiswe imbugita mu bibanza 13 mu bibano bibiri, mu ntara ya Saskatchewan ihana urubibe na Reta zunze ubumwe za Amerika. Igiporisi kivuga ko abandi 15 batwawe mu bitaro inyuma yo gukomereka mu bindi bibanza bitandukanye mu buraruko bw’iyo ntara nyene.

Amatohoza ya mbere avuga ko abo bishwe hamwe n’abakomeretse bacumiswe ata gutoranya, ariko igiporisi ntikirashikiriza imvo iri inyuma y’ubwo bugizi bwa nabi.

Babiri bakekwa gukora iryo bara baracaronderwa ntibarafatwa. Abacumishwe bari bagiye muri Regina, ku murwa mukuru w’iyo ntara kurorera urukino ngarukamwaka rwa Football hagati y’imirwi ya Roughriders na Winnipeg Blue Bombers.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG