Uko wahagera

Barack Obama Yatahukanye Emmy Award


Barack Obama yahoze ar prezida w'Amerika

Barack Obama yahoze ari prezida w’Amerika yaraye yegukanye agashimwe kitwa Emmy Award. Emmy Award ni agashimwe ishirahamwe ry'imboneshakure za Amerika zitanga kuva mu 1949, zikagaha abakoze ibiganiro vyiza, abanyamwuga b’imena, canke abandi amajwi yabo yifashishwa mu mareresi n'ibiganiro bitandukanye.

Barack Obama yatahukanye ako gashimwe nk’uwasumbije abandi, mu kuvuga inkuru neza (Narrateur), mu rukurikirane rw’ireresi ndende yitwa “Our Great National Parks”, ica kuri Netflix. Iyo reresi ifise ibice bitanu vyerekana amaparike atandukanye yo ku mubumbe w’isi Obama ayikorana na Madamu wiwe Michelle, biciye muri sosiyete yabo yitwa, Higher Ground.

Hambavu ya Barack Obama, abandi baronse ako gashimwe barimwo umunyekenya Lupita Nyong’o yamamaye kubera ireresi, Wakanda Forever, n’umukinyi w’icamamare muri Basketball, Kareem Abdul-Jabbar. Barack Obama ni prezida wa kabiri w’Amerika aronse Emmy Award. Uwundi yayironse ni Dwight D. Eisenhower, yayironse mu 1956.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG