Uko wahagera

Perezida Joe Biden Azobonana na Perezida Cyril Ramaphosa Muri Uku Kwezi


Perezida Joe Biden w'Amerika na Cyril Ramaphosa w'Afurika y'Epfo.

Abo bategetsi 2 babonanye mu gihe Amerika iriko irondera kwiyegereza kurushiriza ibihugu vyo muri Afrika. Ni mu gihe Afrika y’epfo n’ibihugu bibanyi bitari bike vyerekanye ko ata ruhande bihengamiyeko ku bijanye n’ibitero Uburusiya buriko bukora muri Ukraine.

Itangazo ry’uko abo bategetsi 2 bazobonana kw’itariki 16 y’uku kwezi, rije inyuma y’urugendo umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Amerika, Antony Blinken, yagize muri Afrika y’epfo mu kwezi guheze.

Muri urwo rugendo, Blinken yavuze ko reta ya Biden ibona ibihugu 54 bigize Afrika ko bikorana n’Amerika ku rugero rungana mu gutorera inyishu ibibazo biraje ishinga amakungu.

Yamara reta ya Prezida Biden ntiyashimishijwe n’uko Afrika n’ibindi bihugu bitari bike vy’uwo mugabane vyanse gukwirikira Amerika mu kwiyamiriza ibitero Uburusiya bukora muri Ukraine.

Afrika y’epfo yaranse kwerekana aho ihagaze mu matora y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yari agenewe kwiyamiriza ingingo y’Uburusiya yo gutera Ukraine. Prezida w’Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa, yaririnze kunebagura Uburusiya. Ahubwo yasavye abohuza impande zitana mu mitwe mu ntumbero yo gushikira amahoro.

Bitegekanijwe ko Prezida Biden na Prezida Ramaphosa, bavuganye kuri telefone mu kwezi kwa kane, mu biganiro vyabo bashimikira ku budandaji, imitahe, inyubako, ihindagurika ry’ibihe, amasoko ntanganguvu, amagara y’abantu n’uruhara rukomeye rw’Afrika y’epfo ku mugabane wose.

Prezida Biden afise kandi imigambi y’ukwakira inama n’abategetsi b’ibihugu vyo muri Afrika mu kwezi kw’icumi na kabiri muri uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG