Uko wahagera

RDC: Abashingamateka Baridogerwa ko Bahembwa Umurengera


Inama nshingamateka ya RDC, i Kinshasa, RDC
Inama nshingamateka ya RDC, i Kinshasa, RDC

Abategetsi mu batavuga rumwe na reta, muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo, bavuga ko abashingamateka b’ico gihugu bahembwa amafaranga y’umurengera arenga 21.000 vy’amadolari ku kwezi. Bavuga ko ayo mafaranga ateye ubwoba ugereranije n’ingene Kongo iri mu bihugu bikenye kw’isi.

Umunyaporitike atavuga rumwe n’ubutegetsi, Martin Fayulu, yasavye amatohoza yihuta kuri iyo mishahara. Fayulu avuga ko bibabaje mu gihe 70 kw’ijana vy’abakongomani babeshejweho n’idolari zibiri ku musi.

Umushingamateka, Samuel Mbemba, akorana n’umukuru w’inama nshingamateka, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ko amakuru ashikirizwa na Fayulu ari ibinyoma.

Ariko, Tresor Kibangula, umusesenguzi wo mu kigo c’ubushakashatsi, Ebuteli, avuga ko iyo mishahara ari ukuri. Kibangula asigura avuga ko amafaranga ahabwa inama nshingamateka arimwo igifungu kinini kandi menshi akoreshwa mu gutanga imishahara irenze urugero.

Kurya ibiturire muri Kongo vyabaye akaranda. Ico gihugu kiza ku mwanya w’169 ku bihugu 180 vyimonogoje mu kurya ibiturire, mu cegeranyo co mu 2021 casohowe n’ishirahamwe Transparency International.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG