Uko wahagera

Uburundi Bwataye muri Yompi Umunyarwanda Bruce Melodie


Igice c'ifoto imenyesha igiteramo ca Bruce Melodie mu Buurndi
Igice c'ifoto imenyesha igiteramo ca Bruce Melodie mu Buurndi

Umuririmvyi w'umunyarwanda, Itahiwacu Bruce, azwi kw'izina rya Bruce Melodie, yatawe muri yompi na polisi y'Uburundi. Amasoko yacu mu Burundi yemeza ko Bruce Melodie yatawe muri yompi ku busabe bw’umwe mu bategura ibiteramo mu Burundi yari aheraniye amafaranga.

Bruce Melodie yari yagiye mu Burundi kuremesha ibiteramo bibiri, birimwo icari gitegekanijwe kuba kuri uyu wa gatanu n’ikindi co ku wa gatandatu. Ni ibiteramo vyaboneka ko vyishimiwe cane n’abakunda umuziki wiwe mu gihugu c’Uburundi, aho bagiye bamwandikira ubutumwa ku rubuga rwiwe rwa Instagram bamusaba “Kutongera gusiba.”

Abamusaba kudasubira gusiba igiteramo, bagaruka ku biteramo Bruce Melodie yagiye arasivya mu Burundi. Muri vyo, harimwo ico ku Noheri yo mu 2018: Ico gihe, vyanuganuzwe ko Bruce Melodie yasibije igiteramo cari kirindiriwe na benshi bivuye ku cuka ca politike kitari ciza hagati y’u Rwanda n’Uburundi.

Mw’ici ryo mu mwaka uheze naho, Bruce Melodie kumwe n’umuririmvyi w’indirimbo z’Imana, Israel Mbonyi, Uburundi bwasibije ibiteramo vyabo vyari kuba mu kwezi kw’indwi. Ico gihe, Reta y’Uburundi yasibije ivyo biteramo ivuga ko abo banyamuziki b’Abanyarwanda ata burengazira bafise bwo kuremesha ibiteramo mu Burundi kuko “Batabisabiye impusha.”

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu c'Uburundi, bubicishije ku wuburamutswa, bwavuze ko ku mvo z’umutekano no kwirinda ikiza ca virusi ya corona “ Ata muntu Uburundi buzokwemerera kuza gucuraranga ku butaka bwabwo avuye mu Rwanda ruri muri guma mu rugo, kuko yohava abazanira ico kiza.”

Ijwi ry'Amerika ryashatse kumenya nimba ugutabwa muri yompi kwa Bruce Melodie hari isano bifitaniye n'ibiteramo yasibijwe mu Burundi, ariko amasoko yacu, arimwo ayo muri polisi n'impande zegereye Bruce Melodie mu Rwanda ntaco badutangarije.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG