Igipolisi muri Madagascar carishe abantu 19 gikomeretsa abandi 21 igihe carasa ku musi wa mbere ku bantu bariko bagerageza kwinjira muri sitasiyo ya polisi kugira bihore ku bikekwa ko ari inkozi z'ikibi.
Igipolisi catangaje ko abo bantu barasiwe mu gisagara ca Ikongo, hafi y’ibilometero 330 mu bumanuko bushira ubuseruko bw’umurwa mukuru, Antananarivo.
Cavuze ko ibibazo vyatanguye igihe abantu bagerageza kwinjira ku nyubakwa z’igipolisi, bashaka kuja gufata abantu bane bari bapfunzwe bagirizwa ko banyuruje umwana w’umunyamweru, inyuma y’aho bagandaguriye nyina wiwe. Irengero ry’uwo mwana ntirizwi.
Igipolisi catangaje ko umutekano wagarutse muri iki gihe mu gisagara ca Ikongo. Amakuru atangazwa avuga kandi ko abajejwe umutekano bahaye agashumbusho imiryango y’abantu bishwe ku musi wa mbere.
Itangazo ry’igipolisi rimenyesha ko mu bihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika, ba nyamweru banyuruzwa rimwe na rimwe n’abantu ku mpamvu zitandukanye z’abemera ibintazi.
Facebook Forum