Uko wahagera

Afrika y'Epfo mu Myiyerekano Yiyamiriza Ubuzima Buzimvye


Imyiyerekano yiyamiriza ubuzima buzimvye i Pretoria, muri Afrika y'Epfo, kw'igenekerezo rya 24/08/2022
Imyiyerekano yiyamiriza ubuzima buzimvye i Pretoria, muri Afrika y'Epfo, kw'igenekerezo rya 24/08/2022

Abanyafrika y’epfo bakoze imyiyerekano bagana kuri imwe mu nyubakwa za reta i Pretoria kuri uyu wa gatatu. Bahambije amasendika y’abakozi mu kwiyamiriza ubuzima busigaye buzimvye biterwa n’iduga ry’ibiciro hamwe n’icikagurika ry’umuyagankuba.

Abantu baharurwa mu majana bazibiye amabarabara yo mu murwa mukuru, berekeza ku kirimba c’umukuru w’igihugu. Basaba reta gutorera inyishu ikibazo c’ubuzima busigaye buzimvye, no gukinga kugira ubutunze ntibusubire inyuma.

Umunyamabanga mukuru w’urunani rw’amasendika y’abadandaza, Zwelinzima Vavi, yavuze ko abanyagihugu batagihema kandi batabona ingene bagiye kubaho.

Afrika y’Epfo imaze igihe ihangana n’ubushomeri bwiyongereye mu gihugu hamwe n’ibiciro vy’ibidandazwa vyaduze.

Amasendika yagiriza reta gushira imbere inyungu z’abatunzi, n’amasosiyete, imbere y’inyungu z’abanyagihugu bato bato.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG