Uko wahagera

Abashika 20 Bishwe n'Imyuzure y'Imvura muri Afuganistani


Abantu bariko baregeranya utwabo mu mazu yabomowe n'imvura nyinshi muri Dstrikte ya Khushi, mu ntara ya Logar mu bumanuko bwa Kabul, muri Afuganistani, kw'itariki ya 21/08/2022

Abantu bashika kuri 20 barapfuye, amazu arenga 3000 arasamburwa n’imyuzure y’imvura nyinshi yaguye mu ntara ya Logar, mu buseruko bwa Afuganistani. Buramatari w’iyo ntara yavuze kuri uyu w’Imana ko iyo mvura yaguye ku musi wa gatandatu mu bice bitari bike vy’iyo ntara, ahakomeretse n’abantu barenga 30 biyongereye ku bishwe.

Iyo mvura yarononye kandi isi ndimwa ingana amahegitari 5000, itwara n’ibirimwa kandi n’ibitungwa hafi 2,000 vyahahoneye.

Umuvugizi wa reta, Bilal Karimi, yasavye amakungu gufasha Abanyefuganistani muri ivyo bihe bigoye harimwo no gufasha imiryango yahahombeye. Ikigo c’igihugu kijejwe kugenzura ibirere cavuze ko hitezwe iyindi mvura nyinshi n’imyuzure mu ntara 21 zigize Afganistani mu misi iri imbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG