Abaprezida ba Reta zunze ubumwe za Amerika, Ubwongereza, Ubufaransa hamwe n’Ubudagi baraganiriye ku kuntu bonagura amasezerano ya Nikleyeli ya Irani. Ibiro vya perezida muri Amerika, White House, vyavuze ko abo bategetsi baganiriye kandi ku kurushiriza gufasha ibihugu bacuditse vyo mu karere ko mu buseruko bwo hagati.
Baganiriye kandi ku gukorera hamwe kugira bahagarike ibikorwa vyo guhungabanya ako karere bavuga ko bikorwa na Irani.
Prezidanse ya Amerika, White House, nta birenze ivyo yatanze kuri ivyo biganiro vyerekeye ako karere ko mu buseruko bwo hagati. Vyabaye hagati ya Prezida Joe Biden, umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Boris Johnson, Prezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron hamwe na Shanseliye w’Ubudagi, Olaf Scholz.
Ishirahamwe rya Buraya na Reta zunze ubumwe za Amerika, mu ndwi iheze vyavuze ko biriko vyiga ku nyishu ya Irani, ku co ubumwe bwa Buraya bwise icipfuzo ca nyuma ku kunagura ayo masezerano.
Kunanirwa gushika ku mwumvikano bishobora kuba imbarutso y’intambara muri ako karere. Israyeli igabisha gutera Irani mu gihe ibiganiro vyonanirwa guhagarika Irani gukora ibirwanisho vya Nikleyeri. Irani yamye ihakana ko ifise umugambi wo gukora ivyo birwanisho, ariko kandi iragabisha ko izokwivuna igitero ico arico cose ca Isirayeli.
@Reuters AFP-
Facebook Forum