Uko wahagera

Polisi ya Somaliya Yabohoje Ihoteri Yatewe na Al-Qaida


Abajejwe gucungera umutekano mu micungarraro y'ihoteri yatewe

Polisi ya Somaliya yemeje ko ibikorwa vyo kubohoza i hoteri yitwa Hayat iri ku murwa mukuru Mogadishu yari yatewe n’intagondwa z’aba Al-Qaida vyaheze. Abategetsi ba Somaliya bavuga ko abaguye muri iyo hoteri bagera hafi ku 30.

Umukuru wa polisi ya Somaliya, Jenerali Abdi Hassan Hijar mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yababwiye ko abaguye mu gitero ca Al-Qaida bagizwe n’abasivile hamwe n’abajejwe gucungera umutekano kuri iyo hoteri. Nta gitigiri c’abarwanyi bahaguye catangajwe. I hoteri ya Hayat yatewe iri mu micungararo y’ahari icicaro gikuru c’igisata kijejwe amaperereza afatiye ku bwicanyi n’ubugizi bwa nabi muri Somaliya.

Jenerali Abdi Hassan Hijar yavuze ko ibikorwa vyo kubohoza ihoteri yatewe na Al-Qaida, vyamaze hafi amasaha 30. Abatabawe bavanwa muri iyo hoteri ni 106. Dr Abdulkadir Abdirahman Adan, afise ibiduga vya rusehabaniha, nawe mu kiganiro n’Ijwi ry’Amerika mu rurimi rw’igisomali, yavuze ko batwaye kwa muganga abarenga 10.

Umurwi w’intagondwa za Al-Qaida wiyitirira idini rya isilamu ukaba ukorana na Al-Shabab wigamvye ico gitero, uvuga ko wishe abantu 63 ukomeretsa 107. Abatari bake mu makungu bateye ivyatsi igitero co kw’ihoteri ya Hayat I Mogadishu: Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu bwasohoye itangazo rihoza ababuze, rigakomeza abakomeretse ryongera rishimigaza ubutwari bw’abajejwe gucungera umutekano wa Somaliya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG