Uko wahagera

Abanyesudani Basubiye mu Myiyerekano Yiyamiriza Ubutegetsi Gisirikare


Abanyagihugu biyamiriza ubutegetsi bwa Gisirikare ku murwa mukuru Khartoum, Sudan, kw'itariki ya 13/11/2021
Abanyagihugu biyamiriza ubutegetsi bwa Gisirikare ku murwa mukuru Khartoum, Sudan, kw'itariki ya 13/11/2021

Muri Sudani, abaporisi kuri uyu wa kane bateye ivyuka bikoroza amosozi mu bihumbi vy’abanyagihugu basubiye mu mabarabara basaba ko ubutegetsi busubira mu minwe y’abasivile, inyuma ya kudeta yakozwe n’abasirikare mu mwaka uheze.

Abari muri iyo myiyerekano ku murwa mukuru Khartoum bari bitwaje amabendera y’igihugu kandi baririmba bavuga ko badakeneye intwaro y’abasirikare.

Sudani buri hafi ndwi yama mu myiyerekano ikunze gutururuzwa n’igiporisi, kandi imaze gusigamwo ubuzima abantu hafi 116 kuva aho umukuru w’abasirikare Abdel Fattah al-Burhan afatiye ubutegetsi mu kwezi kw’icumi umwaka uheze.

Mu kwezi guheze, Burhan yatangaje kuri televiziyo ko agiye gukinjura no kureka imigambwe hamwe n’iyindi mihari ya poritike kwumvikana bagashinga reta y’abasivile.

Abasivile bari muri reta yakuwe ku butegetsi bavuze ko bateye kubiri n’ayo majambo kandi ko ari amayeri yo kubahuma amaso no kubasamaza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG