Uko wahagera

Umunyamabanga Mukuru wa ONU na Prezida wa Turukiya Bazogendera Ukraine


Antonio Guterres mu rundi rugendo yigeze gukorera muri Ukraine
Antonio Guterres mu rundi rugendo yigeze gukorera muri Ukraine

Kuri uyu wa kane, umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ONU, Antonio Guterres, azobonana na prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, na prezida wa Turkiya, Recep Tayayip Erdogan muri Ukraine.

Abo bategetsi bazobonanira mu gisagara ca Lviv kiri mu burengero bw’igihugu ca Ukraine. Umuvugizi w’ishirahamwe ONU, Stephanie Dujarric, yatangaje ko bazoganira ibikenewe ku vyerekeye gutorera inyishu intambara yo muri Ukraine biciye mu biganiro.

Mu nyuma yaho, umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres azogendera ku musi wa gatanu igisagara kirimwo ikivuko ca Odessa co muri Ukraine. Ni kimwe mu bivuko bitatu biriko bikoreshwa hisunzwe amasezerano yashitsweko yerekeye gushorera hanze ingano n’izindi ntete. Ahavuye azoca agendera Turkiya.

Abo bategetsi bazoba bahuye mu gihe abategetsi ba Ukraine bamenyesha ko igitero gikomeye cakozwe ku vyuma nyabwonko vyo mu gisata c’amasoko ntanganguvu y’ico gihugu. Yamara bavuga ko kitahagaritse imirimo muri ico gisata.

Bamenyesha ko arico gitero gikomeye cane gikozwe ku vyuma nyabwonko kuva Uburusiya butanguye ibitero vyabwo muri Ukraine. Bavuga ko ico gitero caje gituruka mu Burusiya.

Muri ico gihe Uburusiya bwatangaje ku musi wa kabiri ko amabombe yaturikiye mu kibanza c’igisirikare mu ntara ya Crimeya igenzurwa n’Uburusiya yononye ikibanza gitanga umuyagankuba cari igikorwa c’inkozi z’ikibi.
Ayo mabombe yaturitse indwi imwe inyuma y’uko umuntu umwe apfuye mu gitero nk’ico cabereye mu kibanza c’igisirikare kirwanira mu kirere c’Uburusiya mu ntara ya Crimeya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG