Uko wahagera

Abana Barenga 150 Barishwe n'Indwara y'Agasama muri Zimbabwe


Abagore batonze kugira bacandagishe abana ingwara y'agasama i Mabvuku, muri Zimbabwe, ku murwa mukuru Harare.

Ikiza c’ingwara y’agasama cateye muri Zimbabwe kimaze guhitana abana bashika 157, hamwe n’abandi barenga 2,000 bakiyigwaye mu gihugu. Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, Monica Mutsvangwa, yabwiye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri ko gushika kw’itariki ya 15 z’ukwa munani, abamaze kwandura agasama bashika 2,056 barimwo n’abo bana 157 bapfuye.

Mutsvangwa yavuze ko reta igiye gutangura isekeza ryo gutanga urucanco rw’agasama, no gusaba reta amafaranga yihutirwa mu kigega c’integabizoza kugira bahangane n’ico kiza.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwavuze ko iyo ngwara yakwirakwiye ivuye mw’isengero ryari rikoraniyemwo abakristo.

Mu kwezi kwa kane, ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, ryavuze ko Afrika iri mu bihe ingwara zikingirwa ziyongereye kubwo guteba gukingira abana. OMS yavuze kandi ko abana bandura agasama biyongereye gushika ku bice 400 kw’ijana kuri uyo mugabane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG