Uko wahagera

Irani Irahakana Uruhara ku Gitero Cagabwe ku Mwanditsi Rushdie


Umwanditsi Salman Rushdie
Umwanditsi Salman Rushdie

Irani irahakana ko hari uruhara yagize mu gitero cakozwe ku mwanditsi akomeye, Salman Rushdie, ku musi wa gatanu w'iyi ndwi turangije mu burengero bwa reta ya New York muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Irani, Nasser Kanaani, yagirije ahubwo ico gitero kuri Rushdie ubwiwe n’abamushigikiye. Rushdie ariko aratora mitende muri iki gihe.

Yamara Irani yarahakanye imbere yaho ko yakwirikiranye abatavuga rumwe nayo bari mu mahanga kuva habaye revolusiyo ya kiyislamu muri Irani mu mwaka w’i 1979. Ivyo naho amareta y’ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyegetse ivyo bitero ku bategetsi ba Irani. Naho Irani itashimikiye kuri Rushdie mu myaka ya vuba, itegeko yasohoye risaba kumwica riracari mu ngiro.

Salman Rushdie yasogoswe imbugita ku musi wa gatanu w’indwi irangiye ahantu yari yatumiwe gushikiriza ijambo mu burengero bwa Reta ya New York. Yarakomeretse mu gitigu mu kuboko no mw’ijisho. Iryo jisho rishobora gutabaragara burundu.

Hadi Matar, afise imyaka 24 muri iki gihe, yakoze ico gitero kuri Rushdie, yarahakanye ivyaha yagirijwe abicishije ku mucamanza wiwe.
Mu kiringo kirenga imyaka 30, hari abagabishije Salman Rushdie, yatsindiye agashimwe kw’umwanditsi, kubera igitabo yanditse, ‘The Satanic Verses”cavuga kw’idini rya kiyislamu.

Ayatollah Ruhollah Khomeini yahoze ari umuyobozi kizigenza wa Irani yitavye Imana, yari yasohoye itegeko rya kiyislamu ryitwa, fatwa, ryasaba ko Salman Rushdie yicwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG