Uko wahagera

RDC: Abanyororo Barenga 800 Baratorotse Ibohero mu Ntara ya Beni


FILES-EGYPT-TRIAL-ASSAULT-CHILDREN-égypte-egypte
FILES-EGYPT-TRIAL-ASSAULT-CHILDREN-égypte-egypte

Abanyororo barenga 800 baratorotse mw'ijoro ryo ku musi wa kabiri ibohero mu buseruko bwa Repuburika ya demokarasi ya Kongo, inyuma y’aho abagabo bitwaje inkoho baritereye bakica abaporisi babiri.

Umuvugizi w’igisirikare mu ntara ya Beni, Capitaine Antony Mualushayi, yavuze kuri uyu wa gatatu ko ibohero ryatewe ari iry’i Kakwangura, mu gisagara ca Butembo.

Yavuze ko igitigiri ca mbere c’abaporisi bamaze kumenyekana ko bahasize ubuzima ari babiri, ariko kandi avuga ko no mu bateye hari abishwe.

Amakuru ava muri iryo bohero yatanzwe n’abantu batashatse ko amazina yabo amenyekana, yavuze ko abanyororo 872 bose batorotse.

Mualushayi yavuze kandi ko abarwanyi b’aba Mai-Mai ari bo bagavye ico gitero. Ariko ishirahamwe rikurikirana ku musi ku musi ivy’umutekano mu ntara ya Kivu, rifise icicaro muri Amerika, ryo ryavuze ko umuhari ADF ari wo ukekwa gukora ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG